'Abagabo batariyandikisha gutora ntibegere abapfasoni babo'

Bamwe mu bagabo bariko bariyandikisha mu matora muri Kenya ku musi wa mbere ico gikorwa gitanguye
Image caption Bamwe mu bagabo bariko bariyandikisha mu matora muri Kenya ku musi wa mbere ico gikorwa gitanguye

Umushingamateka umwe yahamagariye abakenyezi bo mu karere kagwiriyemwo abatavuga rumwe na reta muri Kenya kutaryamana n'abagabo babo batariyandikisha gutora.

Nk'uko biri mu kinyamakuru ca The Standard co muri ico gihugu, umukuru w'abakenyezi mu gisagara ca Mombasa, Mishi Mboko, yasavye abapfasoni kutemera kurangura amabanga y'abubatse n'abagabo babo kugira babanze baje kwiyandikisha gutora mu matora y'umukuru w'igihugu ategekanijwe itariki umunani mu kwezi kw'umunani.

Avugira ku kibuga cariko kiraberako ihayanishwa ry'ivyimburwa mu karere ka Mkomani, umupfasoni Mboko yavuze ko amabanga y'abubatsi ariko ikintu gikomeye gishobora gutuma abagabo baja kwiyandikisha mu matora.

Nk'uko vyandikwa n'ico kinyamakuru, Umugabo wa Mboko we arafise uburenganzira bwo gukora amabanga y'abubatse kuko yamaze kwiyandikisha.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwuserukira abakenyezi mu gisagara ca Mombasa Mishi Mboko

"Bapfasoni iki ni co mukwiye gukoresha. Ni yo mayeri meza cane. Nimwanke ko mukora amabanga y'abubatse gushika igihe baberetse urupapuro rubaha uburenganzira bwo gutora", ni ko yavuze.

Mboko yongeyeko ko hageze ko abakenyezi bakoresha ayo mayeri yo kwanka gukora imibonano mpuzabitsina kugira abagabo babone akamaro ko kwiyandikisha mu matora.