Nigeria: Igitero c'indege cishe benshi mu nkambi y'abimukira

Bivugwa ko abantu barenga 100 boba bakomeretse Uwufise ububasha kw’isanamu AFP PHOTO/DOCTORS WITHOUT BORDERS (MSF)
Image caption Bivugwa ko abantu barenga 100 boba bakomeretse

Mu bapfuye harimwo abakozi bagarukira ku mbabare b'i Rann barimwo batandatu mu kigo gitabara imbabare c'umusaraba utukura Croix Rouge, nkuko cavyivugiye.

Ikigo c'abaganga batisunga imbibe Médecins sans frontières (MSF) kivuga ko abantu barenga 200 bakomeretse, kigasaba imfashanyo n'abofasha kujana kwa muganga abakomeretse.

Prezida Muhammadu Buhari, igisirikare arongoye gihanganye n'abagwanyi ba Boko Haram, yamenyesheje ko afise umubabaro, yongera asaba abanyagihugu gutekana.

Ico gitero cabereye hafi y'urubibe n'igihugu ca Cameroun, aho igisirikare kivuga ko kiriko kiratuza ubwa nyuma umugwi Boko Haram.

Ni ubwa mbere igisirikare ca Nigeria cemanga ko cakoze amakosa.

Umuvugizi w'ikigo c'umusaraba utukura umupfasoni Aleksandra Matijevic yavuze ko iruhande y'abakozi bapfuye ko hari abakozi benshi bitanga bashitse ku munsi wa kabiri bafasha guha ibifungurwa ibihumbi vy'abantu bataye izabo bakomeretse.

"Twifadikanije n'imiryango y'abo dukorana yabuze abo yakunda,"niko Matijevic yamenyesheje, avuga ko Croix Rouge izoguma ija mu bikorwa vy'ubutabazi kuri abo bose bageramiwe kubera iyo ntambara.

MSF yabwiye BBC ko ikigo cabo cari gifise abakozi mw'ikambi ya Rann igihe ivyo bitero vya bombe vyagabwa.

"Abantu barenga 50 bapfuye,"niko Hugues Robert arongoye MSF yavuze.

"Umurwi wacu niho wari uri, waharuye abapfuye, kandi abantu barenga 200 bakomeretse inyuma yaho ibibombe bibiri biturikiye mu kibanza cagabwemwo igitero,"niko yavuze.