Misiri: Umukinyi Aboutrika ku rutonde rw'abakora iterabwoba

Mohamed Aboutrika yaratangaje abamukunda igihe yemera ku mugaragaro ko ashigikiye Mohamed Morsi mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2012 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mohamed Aboutrika yaratangaje abamukunda igihe yemera ku mugaragaro ko ashigikiye Mohamed Morsi mu matora y'umukuru w'igihugu mu 2012

Bwana Aboutrika yagirizwa gushigikira mu gutanga amahera umurwi Brotherhood igihugu ca Misiri gishira ku rutonde rw'iy'iterabwoba.

Mu mwaka wa 2012, yarashigikiye umukandida Mohamed Morsi mu matora y'umukuru w'igihugu, uwo nawe akaba ari umunywanyi w'umurwi Brotherhood.

Iyo nyifato y'uwo mugabo yatsindiye agashimwe k'umukinyi wa mbere ku mugabane wa Afrika ko mu 2008 yaratangaje abantu benshi mu bamukunda.

Umuntu wese ashizwe ku rutonde rw'abikekwa ku bijanye n'ibikorwa vy'iterabwoba ntarekurigwa kuva mu gihugu kandi igitabo c'inzira n'ibindi bintu atunze birafatwa.

Uwubunganira mu rubanza Aboutrika bwana Mohamed Osman, yavuze ko ivyakozwe "biteye kubiri n'amategeko", avuga ko umukiriya wiwe "atigeze yagirizwa ku mugaragaro kandi ko ata kirego na kimwe yigeze ashikirizwa".

"Tuzokwunguruza kuri ino ngingo yafashwe," bwana Osman niko yavuze. Bwana Aboutrika yarahakanye yivuye inyuma ivyo birego.