Umuhindikazi yasheshe aside ku mukunzi

Lydia Yeshpaul n'umuforomakazi Uwufise ububasha kw’isanamu BANGALORENEWSPHOTOS
Image caption Lydia Yeshpaul n'umuforomakazi

Uwo mugabo yabwiye igipolisi ko yaheruka kuvana n'uwo mugore bari bamaranye imyaka ine.

Ku bw'igipolisi co muri uwo muji, ni ubwa mbere baguye ku kibazo c'umugore atera umugabo ubumara bwa aside.

Mu bitigiri bitangwa, bivugwa ko ku bitero birenga 1000 hakoreshejwe aside-kenshi ari abagabo bakora ivyo bitero ku bagore mu gihugu c'Ubuhindi.

"Umuntu yovuga ko bubaye ubwa mbere mu gace ka "West Division" k'igipolisi ca Bangalore. Mu vyo twagiye turegeranya muri ino myaka 12, nta kintu nkico ko umugore atera umugabo aside," niko icegera c'umukuru w'igipolisi MN Anucheth yabwiye umumenyeshamakuru Imran Qureshi wo mu gisata ca BBC mu rurimi rw'igihindi.

"Iyo aside yaguye ku ruhande rw'uburyo rwo mu maso ya Jayakumar Purushottam, iturira ugutwi, agasakanwa hamwe n'agace k'umutwe."

Image caption Bwana Purushottam ari mu bitaro aho ariko aragira mitende

Bwana Purushottam, w'imyaka 32, yabwiye igipolisi ko uwo bahora bakundana Lydia Yeshpaul w'umuforomakazi, yamusutseko aside imbere yuko amutabura mu maso n'akabugita ko kubaga.

Yongeyeko ko uwo mukobwa Yeshpaul yipfuza ko bokwubakana ariko abavyeyi ntibavyemera bitewe nuko bari mu madini atandukanye.

Bwana Purushottam yavuze ko haheze amezi atatu bavanye n'uwo mwigeme ko aza yaratanguye kurondera uwundi mukobwa bokwubakana.

"Ivyo ni vyo vyamushavuje bituma antera iyo aside," niko yabandanije avuga.

Abarengana nibo bamutwaye ku bitaro. Uwo mukobwa nawe haheze akanya aca arafungwa.

Lydia Yeshpaul yitezwe kwitaba sentare ku munsi wa gatatu, igipolisi kikaba cipfuza kumufunga.

Akurikiranwa n'ivyaha vyo kurondera kwica.