Korea yepfo: uwugaba Samsung arafunzwe

Samsung boss Lee Jae-yong (centre) Uwufise ububasha kw’isanamu EPA|
Image caption Samsung boss Lee Jae-yong (centre)

Bwana Lee yagirizwa kuba yahaye imiliyoni z'amadolari umugenzi w'umukuru w'igihugu ca Korea yepfo Park Geun-hye, yipfuza ko reta arongoye yo mworohereza mu vyashara.

Kuri uno wa kane niho umucamanza yitezwe gufata ingingo. Ikurikiranwa ry'uwo mugabo ni ryemezwa, Bwana Lee ashobora kumara indwi zitatu afunzwe imbere yuko sentare imwagiriza.

Ikigo Samsung ni ihinguriro rinini cane rifise amahera angana n'ica gatanu c'amahera y'igihugu cose.

Bwana Lee azoba abaye umuntu wa mbere mu bakomeye afashwe ku bijanye n'amakosa ateye isoni yatumye prezida Park Geun-hye akugwako icizere.

Ubushikirizamanza bwa Korea y'ubumanuko bwasavye ko uwo mugabo yofatwa mu ntango z'ino ndwi.

Samsung ivuga ko ata makosa yakoze.

Iryo hinguriro ryo mu gisata ca "électronique" cagirizwa kuba cahaye ingabire amashirahamwe atarondera inyungu agenzugwa na Choi Soon-sil, somambike w'umupfasoni Park, ryiteze ivyo ubutegetsi bworifashamwo.

Ryemeye ko ryatanze ayo mahera ariko ngo nta kindi kintu ryari ryiteze gusubizwa.