Umurwi wa Arsenal w'abakobwa ugiye gukinisha Heather O'Reilly yahora muri Kansas City

Heather O'Reilly yinjije ibitsindo 47 mu nkino mpuzamakungu, afasha kwinjiza incuro 55 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Heather O'Reilly yinjije ibitsindo 47 mu nkino mpuzamakungu, afasha kwinjiza incuro 55

O'Reilly yahagaritse gukina inkino mpuzamakungu mu mwaka uheze amaze gukwiza inkino 231, imidari itatu y'inzahabu hamwe n'intsinzi mu mwaka 2015 mu ihiganwa ry'isi yose.

Uwo mukinyi w'imyaka 32 yinjiye avuye mu murwi FC Kansas City, akaba yaranakiniye New Jersey Wildcats, Sky Blue FC na Boston Breakers.

Umurwi Gunners waratsinze ihiganwa ry'abakobwa rya FA Cup mu 2016, wongera uheza ari uwa gatatu muri WSL1.

Amasezerano ya O'Reilly na Arsenal ntiyashizwe ahabona ariko akaba yanditse ku rubuga rw'umurwi Kansas City ati: "Nzogira ico menyesheje kuri kazoza kanje ka NWSL igihe hazoba hageze ko mvuga."

Yatanguye kuja mu mahiganwa mpuzamakungu mu ntango y'ukwezi kwa gatatu mu 2002 afise imyaka 17 aba abaye umunyamerika agira kabiri yinjiye mu murwi WSL mu kwezi kwa mbere, inyuma yaho umukinyi wo ku ruhande wa Crystal Dunn yinjiriye mu murwi wa Chelsea w'abigeme avuye mu murwi Washington Spirit.