Ibibuye vy'ibarafu vyishe benshi mu Butaliyano

Ikarata y'Ubutaliyano
Image caption Ikarata y'Ubutaliyano

Ijoro ryose abatabazi baguma barondera gushika ku ihoteri iri hafi y'umusozi Gran Sasso mu ntara ya Abruzzo.

"Hari abantu benshi bapfuye," niko Antonio Crocette arongoye umurwi w'abatabazi, bivugwa ko yavuze.

Abantu bashika 30 nibo bari mu ihoteri Rigopiano igihe ivyo bibuye vy'ibarafu vyaseka iyo nyubakwa.

Igice gisakaye inzu cakorotse, ababa murako gace ka Farindola baca bahamagara ibigo vy'abatabazi ariko urubura rwinshi rwari rwazibiye amabarabara bikagorana gushika kuri iyo hoteli. Itangazamakuru ry'Ubutaliyano rivuga ko aba mbere bahashitse isaha cumi zo mu gitondo ku munsi wa kane.

Akarere k'Ubutaliyano bwo hagati karakubiswe na nyamugigima incuro zine ku munsi wa gatatu, bikavugwa ko niyindi mitingito yumvikanye mw'ijoro.