Korea yepfo: Sentare yanse gukurikirana uwuyoboye Samsung

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Lee yavuye mu bohero rya Seoul hakiri kare ariko ntiyemera kuvugana n'abanyamakuru

Umucamanza yavuze kare ku munsi wa kane ko ata birego bikwiye bihari vyotuma Bwana Lee akurikiranwa ku bijanye na ruswa, kunyuruza umutungo no kubesha.

Bwana Lee yamaze ijoro arindiriye ko yosomerwa mu gihe yari yumvirijwe ku munsi wa gatatu.

Ivyo yagirizwa birimwo ruswa, vyatumye inama nshingamateka ikurako icizere prezida Park Geun-hye.

Samsung, yamye ivuga ko ata kibi yakoze, yasohoye itangazo aho ivuga ko "ibikenewe muri runo rubanza birashobora gukorwa umuntu atarinze gufungwa".