Gambia: Barrow agiye kwimikirwa muri Senegal

Adama Barrow ari mu gihugu ca Senegal kuva mu mpera z'indwi iheze Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Adama Barrow ari mu gihugu ca Senegal kuva mu mpera z'indwi iheze

Ubwo butumwa bwarungitswe ku buhinga ngurukanabumenyi bugashigwa ku rubuga rwa Adama Barrow, rusaba abanyagihugu kwitaba ivyo birori.

Utwigoro twa nyuma tw'abakuru b'ibihugu bo mu karere mu ntumbero yo gusaba Yahya Jammey ngo akinjure ntaco twashitseko.

Yaratsinzwe amatora mu kwezi guheze ariko akipfuza ko ibitigiri vyashikirijwe vyohanagurwa asigura ko hari amakosa yibonekeje muri ayo matora.

Abasirikare b'ibihugu vyo muri afrika y'uburengero bari ku mupaka bariteguye gushikiriza ubutegetsi ku nguvu mu gihugu ca Gambia gikunze gukwega abakerarugendo ba Buraya kubera inkengera nziza zaco.

Igihugu ca Senegal kiriko kirarondera uruhusha rw'akanama kajejwe umutekano ka Onu gashigikiye ukwo gushikiriza ubutegetsi ku nguvu ariko aba "diplomates" bamwe bamwe bavuga ko mu gihe Bwana Barrow yosaba gufashwa inyuma y'ukurahira ko urwo ruhusha rutoba rugikenewe.

Muri kino gihe umurwa mulkuru wa Gambia uratekanye. Nta bantu bari mu mabarabara; amaduka, amasitasiyo y'ibitoro hamwe n'amabanki birugaye. Abanyagihugu bagumye mu ngo zabo batinya ivyohava bishika mu gihe abakerarugendo baturuka mu bihugu vya Buraya baguma bava mu mahoteli.