Gambia: Jammeh yahawe akaryo kanyuma ko kuva ku butegetsi

Inkuru y'uko Adama Barrow yarahijwe zakiriwe n'umunezero mwinshi muri Gambia Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inkuru y'uko Adama Barrow yarahijwe zakiriwe n'umunezero mwinshi muri Gambia

Abategtsi bo mu karere ko mu burengero bwa Afrika bahaye akaryo ka nyuma Yahya Jammeh kuva ku butegetsi inyuma y'aho abasirikare ba Senegal binjiriye muri Gambia.

Jammeh yahawe gushika ku muhingamo ku wa gatanu kugira ave ku butegetsi canke avanweho ku nguvu n'abasirikare ba ECOWAS bashigikiwe n'amakungu.

Abo basirikare basabwe kuba barahagaze gushika umwanya bamuhaye uirangiye.

Ibihugu bigize ishirahamwe ECOWAS bishigikiye Adama Barrow yarahiriye amabanga y'umukuru w'igihugu wa Gambia ku musi wa kane.

Amakungu yose ubu aramwemera nka prezida.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jammeh yasavye ko hategurwa ayandi matora muri Gambia

Ibiganiro vya nyuma birongowe na prezida wa Guine, Alpha Conde, vyari bitegekanijwe ku wa gatanu mu gitondo.

Prezida wa Mauritania Ould Abdel Aziz na we nyene araja i Banjul.

Umukuru wa ECOWAS, Marcel Alain de Souza, yavuze ko mu gihe umubonano na Conde atacovamwo, haca hakurikira gukoresha inguvu za gisirikare.