Umunani barokotse mu ihoteri yahambwe n'ibibuye vy'ibarafu mu Butaliyano

Indege ya Kajugujugu yari mu bikorwa vyo gutabara Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Indege ya Kajugujugu yari mu bikorwa vyo gutabara

Abari mu bikorwa vyo gutabara bavuze ko basanze abo bantu bahambwe n'ibarafu ariko ngo si bose bazuwe. Muribo babiri ngo ni abana, nkuko itangazamakuru ry'Ubutaliyano rivuga.

"Bariho kandi twabaganirije," umuvugizi w'igisata kigwanya umuriro Luca Cari niko yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Ivyo bibuye vy'ibarafu vyarahamvye iyo hoteri iri mu ntara ya Abruzzo ijugumbijwe na nyamugigima incuro zitari nke.

Niburiburi abantu bane baramaze kumenyekana ko bapfuye mu gihe atawuzi irengero ry'abashika 20 naho ibikorwa vy'abatabazi bitoroshe bibandanya.