Yahya Jammeh wa Gambia yavuze ko agiye gukinjura

Bwana Jammeh yavuze ko hari ibitagenze neza mu matora y'umukuru w'igihugu Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bwana Jammeh yavuze ko hari ibitagenze neza mu matora y'umukuru w'igihugu

Mu itangazo ryaciye ku mbonerakure y'igihugu yavuze ko "bidakenewe ko hagira n'ima na rimwe ry'amaraso riseseka".

Iryo tangazo ryashikirijwe inyuma y'ibiganiro vyamaze amasaha menshi hagati ya Jammeh n'abahuza bo mu bihugu vya afrika y'uburengero.

Ntiyavuze ivyo boba basezeranye.

Bwana Jammeh yarongoye igihugu imyaka 22 ariko akaba yatsinzwe amatora mu kwezi kwa 12 na Adama Barrow.

Bwana Barrow amaze iminsi mu gihugu kibanyi ca Senegal, niyo yarahirijwe ka mukuru w'igihugu mu nyubakwa y'ubuserukizi bwa Gambia ku munsi wa kane.

Ingabo z'ibihugu vyinshi vyo muri afrika y'uburengero birimwo Senegal zaragomowe muri Gambia zitegura kuvana ku butegetsi ku nguvu Bwana Jammeh igihe atoba yemeye kugenda.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Prezida mushasha Adama Barrow, yarahiriye muri Senegal ku munsi wa kane

Bwana Jammeh yafashe ingingo yo kugenda inyuma y'ibiganiro n'abakuru b'ibihugu vya Guinea na Mauritania.

"Nafashe ingingo n'umutima uri hamwe yo gushikiriza uburongozi bwa kino gihugu kinini, mbanje gushima, ku banye Gambia bose," niko yavuze.

"Ndemeye imbere ya Allah n'igihugu cose ko ingorane zose turimwo zizotoregwa umuti mu mahoro."

Imbere y'iryo tangazo ryacishijwe ku mbonerakure, umukuru w'igihugu ca Mauritania Mohamed Ould Abdel Aziz yavuze ko hari amasezerano bapfunditse ko Bwana Jammeh agiye kuva mu gihugu. Ntazindi nsiguro yatanze.