Ikibombe cishe 20 kw'isoko y'imboga muri Pakistani

Umugwi w'aba Talibani wemanze ico gitero co ku isoko y'imboga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umugwi w'aba Talibani wemanze ico gitero co ku isoko y'imboga

Ico kibombe caturikiye mu gisagara ca Parachinar, kigwiriyemwo aba islamu bo mu bwoko bw'aba Shia ku rubibe rwa Afuganistani.

Iyo soko yari yuzuye abantu baje gusuma igihe ico gisase caturika. Ubutegetsi bwavuze ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Akagwi k'abatalibani bo muri Pakistani (TTP) kemanze ico gitero gasigura ko karondera "kwihora ku bwicanyi bwakorewe abo basangiye umurwi".

Umuvugizi w'uwo murwi yavuze ko bashaka "guha icigwa aba Shiites bashigikira Bashar al-Assad," hano bavuga prezida wa Syria.

Uwo muvugizi yagabishije ko umurwi wiwe w'aba Sunni uzoguma utera aba islamu bo mu bwoko bw'aba Shia ni babandanya bafasha Prezida Assad, igihugu arongoye kimaze imyaka itandatu mu ntambara imaze guhitana abantu barenga 310 000.

Ni igiki coba caturitse?

Amakuru atandukanye yashikirijwe ku vyerekeye ico gisase caturitse, bamwe bavuga igisase citwa " improvised explosive device" (IED) coba cari kinyegejwe mu ikarato y'imboga.

Ayandi makuru akavuga ko yoba ari umuntu w'umwihevyi yiturikije.

Sabir Hussain, umuganga w'ibitaro bikuru vya Parachinar, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Associated Press ko hari abantu 11 bakomeretse cane batwawe kuri ivyo bitaro bahavuye bacikana bariko baravugwa.

Yavuze ko abandi muri abo bakomeretse cane bungururijwe mu bindi bitaro kugira ngo bashobore kuvugwa neza.