Donald Trump yatanguye akazi

Donald Trump afise intego yo gusubiramwo ibisata bimwe bimwe vyo muri politike y'uwo asubiriye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump afise intego yo gusubiramwo ibisata bimwe bimwe vyo muri politike y'uwo asubiriye

Mu vyo yategetse yasavye amashirahamwe abijejwe kugabanya ingorane z'ubutunzi zavutse biturutse ku mategeko reta yahahora yashinze ajanye n'amagara y'abanyagihugu mu mugambi wiswe "Obamacare".

Igihe arahira ku munsi wa gatanu yiyemeje "kwitaho ubwa mbere igihugu ca Amerika" n'ukurangiza "ubwicanyi buri muri Amerika" mu kunagura amahinguriro yugaye no kugwanya ubwicanyi.

Ku munsi wa gatandatu abantu 200 000 bategekanya kwiyunga n'abagore mu myiyerekano ibera mu gisagara ca Washington.

Abayiteguye bavuga ko bipfuza gushira ahabona ubusumbane bushingiye ku koko no ku gitsina hamwe n'ibindi bibazo bibateye amakenga ku burongozi bwa Trump.

Imyiyerekano nka mweniyo yabaye muri Australia no muri Nouvelle Zélande, iyindi ikaba itegekanijwe mu bindi bihugu vyo ku isi.

Mu bindi Trump yatanguriyeko ni ugusubiramwo politike ya Barack Obama ku bijanye n'ihindagurika ry'ibihe nkuko abo bakorana bavuze.

Haheze umwanya amaze kurahira ka prezida wa 45 wa Amerika, Trump yaciye arungika urutonde rwa reta yiwe mu nama nkenguzamateka.

Mu vyo reta arongoye igiye kwitaho kurusha ni ibisata vy'amasoko ntanganguvu, imigenderanire n'amakungu, akazi, ubutunzi, igisirikare, ukwubahiriza amategeko hamwe n'ubucuruzi, urwo rutonde rukaba rwashizwe ku rubuga ngurukanabumenyi rwa reta ya Amerika.

Trump yashize umukono no ku itegeko rishinga umunsi w'igihugu wo gukundisha igihugu "national day of patriotism".