Umurwi Chapecoense wa Brésil witeguye gusubira gukina

Abakinyi b'umurwi Chapecoense baguye mu isanganya ry'indege mu mpera z'ukwezi kwa 11 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abakinyi b'umurwi Chapecoense baguye mu isanganya ry'indege mu mpera z'ukwezi kwa 11

Ku munsi wa gatandatu umurwi Chapecoense uza gukina urukino rwawo rwa mbere inyuma y'isanganya ry'indege ryishe nk'abakinyi bose b'uwo murwi mu mpera z'ukwezi kwa 11 mu 2016.

Muri urwo rukino rwa kivandimwe, Chapecoense ikina n'umurwi Palmeiras watwaye igikombe mu ihiganwa ryo mu mwaka uheze muri Brésil.

Abanyagihugu ba Chapeco baraza kwuzura ikibuga ca Arena Conda baje kuraba bamwe mu bakinyi 22 bashasha bagize uwo murwi.

Batatu ku bantu batandatu barokotse ni abakinyi barimwo umukinyi akinira inyuma hagati Neto ari mu bari bakomeje umurwi.

Yakwamiye hagati y'inda y'indege n'ibiti amasaha atandatu imbere yuko bamukwega uwanyuma.

Muri kino gihe yatanguye gutambuka atitwaje ibibando "béquilles".

Ku itariki 29 ukwezi kwa 11 mu 2016 indege itwaye abantu 77 barimwo umurwi ukomeye w'umupira w'amaguru wo mu gihugu ca Brésil yaragize isanganya mu gisagara ca Medellin muri Colombia harokokamwo abantu batandatu gusa.

Mu itohoza ryakozwe mu nyuma, isanganya ryiyo ndege ngo ryoba ryaturutse ku ikeha ry'ibitoro.

Umurwi wa Chapecoense wari ugiye gukina urukino rwa nyuma (finale) rw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru ryo muri Amerika yapfo "Copa Sudamericana" rwawuhuza na Atletico Nacional.

Abategura iryo higanwa bavuze ko umurwi Atletico Nacional wasavye ko Chapecoense wohabwa igikombe kubera ivyago vyawushikiye.

Imirwi yo mu gihugu ca Brésil nayo yemera kuwukopesha abakinyi ku buntu mu ihiganwa rikurikira.