Ubwongereza: Imyiyerekano y'abagore yo kwiyamiriza Trump

Abagore bo mu Bwongereza bifadikanije n'abo muri Amerika n'ahandi kwiyamiriza Trump Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Abagore bo mu Bwongereza bifadikanije n'abo muri Amerika n'ahandi kwiyamiriza Trump

Iyo myiyerekano yakorewe mu gisagara ca Londres no mu bindi bisagara mu Bwongereza no mu makungu ifise intego yo kwifatanya n'iyateguwe i Washington itegekanya kwitabwa n'abantu bashika 200 000.

Abayiteguye bipfuza gushira ahabona ikibazo c'agateka k'abagore bibaza ko gashobora kubangamirwa n'ubutegetsi bushasha bwa Amerika.

Umunsi wo kurahira, abiyamiriza Bwana Trump barakoze imyiyerekano ku nyubakwa y'ubuserukizi bwa Amerika mu gisagara ca Londres ku wa gatanu mw'ijoro.

Umuririmvyi Lily Allen yarifadikanije n'abari mu myiyerekano, abanyepolitike hamwe n'abo mu mashirahamwe y'ubudandaji mu kibanza Grosvenor Square biyamiriza ivyiyumviro vya Trump igihe yiyamamaza, ku bijanye n'ikibazo c'ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "nucleaire", ihindagurika ry'ibihe hamwe n'ic'abimukira.

Iyindi myiyerekano nka mweniyo yabereye mu bisagara vya Edinburgh, Glasgow na Manchester, mu gihe Trump yariko ararahira ka mukuru w'igihugu wa 45 wa Amerika.

Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Imyiyerekano hanze y'inyubakwa y'uwuserukira Amerika i Londres
Uwufise ububasha kw’isanamu PA
Image caption Uwahora ari kizigenza w'umurwi w'igihugu wa rugby Chris Robshaw na mugenzi we Camilla Kerslake bari muri iyo myiyerekano

Abihaye amabarabara ku munsi wa gatandatu bavuga ko bashaka kwerekana umwitwarariko bafise ku bibazo vy'amacakubiri y'urukoba n'igitsina, ikibazo co kuvugwa, ugukuramwo imbanyi hamwe n'uburenganzira bwo gutora.

Bavuye ku nyubakwa y'ubuserukizi bwa Amerika i Grosvenor Square, baja guhurira Trafalgar Square.

Mu Bwongereza imyiyerekano itegekanijwe gukorwa mu bisagara vya Belfast, Cardiff, Edinburgh, Lancaster, Leeds, Liverpool, Manchester, Bristol na Shipley.