Iyimikwa rya Trump: Prezida aridogera abanyamakuru ku mafoto

Prezida mushasha wa Amerika Donald Trump ahejeje kwimikwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida mushasha wa Amerika Donald Trump ahejeje kwimikwa

Trump yavuze ko ishengero ry'abanyagihugu ryashitse ku ntatemwa ya Washibgton ariko arashikiriza ijambo ku nyubakwa ya Capitol, ariko amafoto ngo yerekanye igihushane.

Munyuma umunyamabanga ajejwe ivy'itangazamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu, White House, yavuze ko ryari "ishengero rinini ritari bwigere ryitaba ibirori vyo kwimika".

Ku munsi wa gatandatu imiliyoni z'abantu muri Amerika no mu makungu baragiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza uburongozi bushasha bwa Bwana Trump.

Igitigiri kinini c'abantu bitavye iyo myiyerekano ni ic'abayigiyemwo ku murwa mukuru Washington, abarongoye ico gisagara bakaba bavuze ko abantu 500 000 boba aribo bari muriyo. Bararuse kure abitavye iyimikwa ryo ku munsi wa gatanu.

Intego yari ugushira ahabona agateka k'abakenyezi, abagaharanira bibaza ko gashobora kubangamirwa n'uburongozi bushasha.

Bwana Trump ntiyigeze avuga imyiyerekano yabereye aho bubaka ikiraro ku biro bikuru vy'iperereza CIA biri i Langley muri reta ya Virginia ku munsi wa gatandatu ariko yidogera itangazamakuru.

Yagirije abanyamakuru ko babeshe mu kuvuga ko hari impari zadutse hagati yiwe n'abo mu gisata c'iperereza, munyuma yita abanyamakuru "abantu barenganya kurusha abandi ku isi".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Iyimikwa rya Trump (i bubamfu) hamwe n'irya Obama mu 2009 urabiye ku ntatemwa ya Washington

Bwana Trump yavuze ko amasanamu ya televiziyo hamwe n'amafoto y'iyimikwa ryiwe biterekanye ukuri.

"Warabona ko hari umuliyoni n'inusu w'abantu" harya ku munsi wa gatanu, niko yavuze, itangazamakuru ricafuye ryavuze ko hari abantu 250 000.

Yavuze ko ishengero ryagera ku ntatemwa ya Washington, ariko ivyo avuga biteye kubiri n'amasanamu yafatiwe mu kirere uwo munsi.

Avuga ko igisata c'iperereza kitari gikwiye kureka ngo ibintu bigende uko, niko yashikirije ku butumwa buciye kuri Twitter.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Ubutumwa bwa Trump kuri Twitter

Munyuma umunyamabanga ajejwe itangazamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu White House Sean Spicer yanebaguye abamenyeshamakuru mu kiganiro yatanze, avuga ko hakwiragijwe amafoto yerekana ibibanza binini bigaragara vy'igihe c'ibirori.

"Ryari ishengero rinini kurusha ayandi rije mu birori vyo kwimika baba abishikiye canke ababikurikiranye ku isi," niko yavuze mu itangazo ricira umwotsi.

"These attempts to lessen the enthusiasm about the inauguration are shameful and wrong."