Ubuhindi: 36 bapfuye mu isanganya rya gariyamoshi

Amasanganya ya gariyamoshi arakunze gushika mu Buhindi
Image caption Amasanganya ya gariyamoshi arakunze gushika mu Buhindi

Ivyumba icenda hamwe n'ic'imoteri vyataye inzira y'indarayi hafi y'igituro ca Kuneru muri districti ya Vizianagaram, uwurongoye East Coast Railway JP Mishra niko yavuze.

Abantu benshi baracakwamiye muri ivyo vyumba, abatabazi bakavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwiyongera.

Nti haramenyekana icatumye iyo gariyamoshi ita inzira.

Akarere iryo sanganya ryabereyemwo kagwiriyemwo abantu bagendera ku vyiyumviro vya Mao.

Bwana Mishra yavuze ko abakomeretse batwawe mu bitaro biri hafi.

Image caption Ikarata y'Ubuhindi

Umuvugizi w'ishirahamwe ry'indarayi mu gihugu Anil Saxena yavuze ko imirwi y'abatabazi yakurakuranwa ijoro ryose irondera aboba bagihema.

Iryo sanganya ryabaye ku munsi wa gatandatu ku mugoroba iyo gariyamoshi ivuye Jagdalpur iriko iraja Bhubaneswar, umurwa mukuru wa reta ya Odisha.

Amasanganya ya gariyamoshi arakunda gushika mu Buhindi aho ibikoresho vy'igisata c'indarayi vyataye igihe.

Mu kwezi kwa 11, abantu barenga 140 barapfuye gariyamoshi yataye inzira mu buraruko bw'Ubuhindi muri reta ya Uttar Pradesh.

Mu kwezi kwa gatatu 2015 irindi sanganya ryishe 39 rikomeretsa 150 ahitwa Uttar Pradesh.

Image caption Ivyumba vyarononekaye cane