Ubuzima bwagarutse mu gisagara ca Banjul

Abanye Gambia igihe c'amatora mu kwezi kwa 12
Image caption Abanye Gambia igihe c'amatora mu kwezi kwa 12

Abanye Gambia basubiye mu mabarabara mu gisagara ca Banjul, bakaba bariko baritegura gusanganira umukuru w'igihugu bitoreye yimirije kugaruka, Adama Barrow.

Uwo yasubiriye, Yahya Jammeh, yavuye mu gihugu kare ku munsi wa Mungu aja mu gihugu ca Guinée équatoriale.

Mu masezerano yumvikanyweko n'abategetsi b'akarere ka Afrika y'uburengero, ararekuriwe kugaruka muri Gambia muri kazoza.

Inama nshingamateka yagerageje kuraba ko yohitisha itegeko rituma yogirigwa ikigongwe ku vyo yoba yarakoze ariko igitigiri c'abashingamateka bategerezwa kuba bari muri ivyo bikorwa nticakwira.

Benshi barahunze baja mu ntara bavukamwo abandi mu gihugu kibanyi ca Sénégal.

Muri kino gihe ingabo za ECOWAS nizo zicungera umutekano zirindiriye ko Prezida Barrow agaruka kandi zicunze ngo ntihagire abohogwa ko bashigikiye Bwana Jammeh.