Umushikiranganji wa mbere wa Maurice agiye gusubirirwa n'umuhungu

Umushikiranganji wa mbere wa Ile Maurice Anerood Jugnauth Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji wa mbere wa Ile Maurice Anerood Jugnauth

Uwo mugabo w'imyaka 86 yabaye umushikiranganji wa mbere ubwa mbere mu mwaka w'i 1982.

Mu ijambo yashikirije ku mbonerakure Bwana Jugnauth yavuze ko agira akinjure ngo arekere ubutegetsi "indongozi y'umuyabaga kandi ibangutse kurusha".

Muri kino gihe umuhungu wiwe ni umushikiranganji w'ikigega ca reta.

Imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi yiyamirije iyo ngingo ariko mu vyukuri ntaco yoshobora gukora ngo ibihagarike.

Jugnauth mutoyi niwe arongoye umuhari ugendera ku vyiyumviro vya gi "socialiste" "Militant Socialist Movement" umugambwe ufise abanywanyi benshi mu yiri ku butegetsi.

Uwigeze kuba umushikiranganji wa mbere, Navin Ramgoolam, yagabishije avuga ko umuryango uriko urahindura Mauritius ngo ibe "banana republic" ni kuvuga igihugu kigira gitembe.

Maurice, izinga ryo mu ibahari Indiano, ryahora riri ku bukoroni bw'Ubwongereza.

Mu ijambo yashikirije Bwana Jugnauth yatanze akarorero ka "Westminster tradition" (umugenzo wa Westminster) yibutsa aho ubutegetsi bwavuye kuri David Cameron bukaja kuri Theresa May mu gihugu c'Ubwongereza ata matora arinze kuba, niko itangazamakuru ry'igihugu ryavuze.

He is due to hand in his resignation on Monday morning.