Tillerson yemejwe mu bushikirsanganji bw'imigenderanire

Rex Tillerson Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Rex Tillerson

Umugwi wa senat ya Amerika ujejwe imigenderanire wemeje Rex Tillerson yahoze arongoye kompanyi ikomeye cane y'ibitoro Exxon Mobil, mu mabanga yo kuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire.

Abagize uwo mugwi 11 bo mu mugambwe w'abarepublicain bamwemeje mu gihe abademokrate 10 bamuhakanye.

Umukenguzamateka wo mu mugambwe w'abarepublicain, Marco Rubio yamushigikiye n'aho bateranye amajambo kuvyerekeye imigenderanire n'Uburusiya.

Iryo genwa rero ubu rica rishikirizwa inama nkenguzamateka.

Muri ico gihe nyene, Mike Pompeo yarahijwe mu mabanga yo kurongora urwego rujejwe iperereza rwa CIA.