Hoba habaye igitero mw'ikambi ya gisirikare mu Burundi?

Col Baratuza Gaspard avugira igisirikare c'Uburundi

Igisirikare c'Uburundi kivuga ko ata gitero caraye kibereye kw'ikambi ya gisirikare yo ku Mukoni mu ntara ya Muyinga n'ubwo hari amasasu menshi yumvikanye mu micungaroro yayo muri iri joro ryakeye.

Ku bw'umuvugizi waco Colonel Gaspard Bratuza, n'umuntu umwe yarashe amasasu atumbereza kw'ikambi ''kugira abuze abasirikare kubandanya bakizura uko bisanzwe''.

Avuga ko uwo muntu yatanguye kurasa nk'isaha umunani n'igice gushika isaha 10 z'ijoro, abasirikare baramwihorera gushika buce.

Baratuza yagize ati'' twibaza ko bari bafise umugambi wo kwiba mu micungararo babuze abajejwe umutekano kubatesha''.

Bafadikanije n'abanyagihugu, Colonel Baratuza avuga ko abasirikare baciye bugara amayira yose azanana ahumvikaniye amasasu.

Hafashwe inkoho zine za kalashinikov , udusandugu tw'amasase yazo 10(chargeurs) n'ama grenade abiri.

Hamaze gufatwa kandi abantu 5 bikekwa.

Inkuru zazindutse zicanacanako ku mbuga ngurukanabumenyi zavuga ko ikmabi ya gisirikare ya Mukoni yaraye itewe mu gicugu n'abantu bitwaje inkoho bataramenyekana, aho mbere bashirako amafoto ya bamwe bamwe mu bamaze gufatwa.