Umupfasoni yagenywe kuba icegera ca prezida arengeje imyaka 65

Prezida Adama Barrow mu bubamfu
Image caption Prezida Adama Barrow mu bubamfu

Prezida wa Gambia Adama Barrow yagenye umupfasoni azwi cane yigeze kuba somambike wa prezida Yahya Jammeh, imbere y'uko yifatanya n'imigambwe imugwanya imbere y'amatora, kuba icegera ciwe.

Uwo mupfasoni azwi kw'izina rya Fatoumata Jallow-Tambajang yarifatiye mu gahanga uwo mutegetsi avuga ko azomwitwarira.

Ariko hari abantu bafise amakenga nimba Tambajang w'imyaka 68 akwiye guhabwa ico kibanza kubera imyaka afise.

Tambajang yarigeze kuba umushikiranganji w'amagara y'abantu ku butegetsi bwa Yahya Jammeh, ariko aza guhunga inyuma yo kuvavanura na we.

Mu nyuma yabaye inkingi ikomeye yo ushira hamwe abatavuga rumwe na Jammeh batahukanye intsinzi itariki imwe z'ukwezi kwa cumi na kabiri, kandi akaba yabaye uwa mbere kumubwira ko azomwitwarira ku bikorwa bibi vyaranze ubutegetsi bwiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter

Jammeh yahunze ku musi wa gatandatu ku nguvu z'akarere k'uburengero bwa Afrika mu gihe igisirikare ca Senegal cariko kirinjira muri Gambia bavuga ko bashobora kumufata.