Abategetsi bivye amahera menshi ya reta bakiri ku butegetsi

Jammeh Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Yahya Jammeh

Bivugwa ko imiliyoni zirenga 11 zibwe mu kigega ca reta ya Gambia, aho prezida Yahya Jammeh yari amaze umwanya muremure ku butegetsi yabuvako.

Jammeh yamaze amezi abiri yaanka kuva ku butegetsi n'aho yari yatsinzwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Jammeh ubu ari mu gihugu ca Guinee Equatorial, si we mutegetsi wa mbere yagirizwa kwiba ubutunzi bwa reta. Hari abivye amahera menshi cane kumusumvya, aba bakaba ari bamwe muri bo:

Sani Abacha, Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Sani Abacha

Sani Abacha, yatwaye Nigeria kuva mu 1993 gushika mu 1998, bivugwa ko yivye hagati ya miliyaridi imwe na zitanu mu kigega ca reta. mu 2004 igisata c'ubutungane muri Amerika cavuze ko cafashe ubutunzi bwa Abacha bwari bwibwe buciye imiliyoni 450 z'amadolali.

Suharto, Indonesia

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Suharto

Suharto, prezida wa Indonesia kuva 1967 gushika mu 1998, bivugwa ko yivye mu kigega ca reta amahera agera ku miliyaridi 35 z'amadolali. Mu mwaka wa 2000, yarapfungiwe muhira iwe, aranashikanwa imbere y'ubutungane yagirizwa kwiba imiliyoni 570 z'amadolali. Ariko ico gihe, abaganga basanze agwaye cane ku buryo atari gushika muri sentare. Yapfuye mu 2000.

Mobutu Sese Seko, Zaire

Image caption Mobutu Sess Seko

Prezida wa Zaire ubu ari RDC kuva mu 1965 gushika mu 1997, Mobuto yatwaza umukazo aho yakandamiza abo batavuga rumwe. Kandi yabaye mu buzima bwo kwirundako ubutunzi bwose harimwo n'inzu ifise ivyumba 30 i Lausanne ifise agaciro ka miliyoni 5.5 z'amadolali.

Vyibazwa ko yivye imiliyaridi 5 z'amadolali.

Ferdinand Marcos, Ufilipino

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ferdinand Marcos

Umupfasoni wa Marcos, Imelda yari afise ibirato 3000. Bivugwa ko Marcos yivye imiliyaridi 10 z'amadolali ari ku butegetsi hagati y'imyaka ya 1965 na 1986. Inyuma y'urupfu rwiwe, imanza nyinshi zatumye Ubusuise, aho yari yaranyegeje ubutunzi bwiwe, gusubiza amamiliyoni 7000 z'amadolali igihugu ca Philippine.

Ali Abdullah Saleh, Yemen

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ali Abdullah Saleh

Uwahoze ari prezida wa Yemen Ali Abdullah Saleh akekwa ko kwiba amadolali yababa imiliyoni 60 akiri ku butegetsi. Yakuwe ku butegetsi mu 2012, yirukanywe n'ibihugu vy'abarabu, ariko ubu ari kumwe n'abarwanyi b'aba Houthi muri ico gihugu kirangwamwo intambara.

Slobodan Milosevic, Serbia

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Slobodan Milosevic

Slobodan Milosevic, ni uwahoze atwara Serbia hagati ya 1989 na 1997. Yarashikanywe imbere y'ubutungane yagirizwa jenocide. Ariko kandi yaragirijwe kwiba itunga ry'igihugu. Amahera yivye ntaramenyekana ariko bivugwa ko yoba yatwaye ayari hagati y'umuliyaridi umwe na zine. Yapfuye mu 2006 ari muri sentare ya Hague.

Hosni Mubarak, Misri

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hosni Mubarak

Yatembagajwe ku butegetsi mu 2011. Hosni Mubarak yarashikanywe imbere y'ubutungane yagirizwa kwiba amahera yari agenewe gusubiramwo ikirimba c'umukuru w'igihugu, ayakoresha mu kwikorera imigambi yiwe. Mubarak n'abana biwe b'abahungu bahamwe n'urubanza rwo kwiba imiliyoni 17 z'amadolali mu myaka umunani. Yaciriwe urubanza rwo gupfungwa imyaka itatu mu gihe abana biwe baciriwe gupfungwa imyaka ine ine.

Ben Ali, Tunisia

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ben Ali

Mu 2011, igihe Ben Ali yirukanwa ku butegetsi, ni ho hatangura iyirukanwa ry'abategetsi mu bihugu vy'abarabu. Ali n'umupfasoni wiwe bahungiye muri Arabie Saudite, sentare ya Tunisia yabaciriye urubanza atari ho bari rwo gupfungwa imyaka 35 bagirizwa kwiba amahera ya reta. Muri urwo rubanza umushikirizamanza yavuze ko ibintu biciye amamiliyoni 27 z'amadolalali hamwe n'amahera vyatiwe muri imwe mu nzu zabo.