Donald Trump: "Tuzubaka uruhome ku rubibe rwa Mexique"

Prezida mushasha wa Amerika Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Prezida mushasha wa Amerika Donald Trump

Donald Trump ategekanya gushira igikumu mu minsi iri mbere ku mategeko menshi ajanye n'ikibazo c'abimukira hamwe n'ic'umutekano ku rubibe.

Ayo mategeko ashobora kujamwo ayo "kugosora neza" abantu bava mu bihugu indwi vy'aba islamu vyo mu buseruko bwo hagati hamwe no muri Africa.

Bino bigiye gutuma hagabanuka igitigiri c'abasaba ubuhungiro.

Bwana Trump yarungitse ubutumwa ku buryo bwa Twitter ati: "Hari umunsi mukuru utegekanijwe ejo ku mutekano w'igihugu. Mu vyo tuzovuga harimwo nuko tuzubaka rwa ruhome!"

Kwubaka uruhome rwa 2 000 miles (3200 kms) ku rubibe rwa Mexique biri mu vyo yavuga ategekanya gukora igihe yiyamamaza mu matora y'umukuru w'igihugu.

Hari n'ingingo zizosaba ku nguvu ibisagara bisanzwe bikingira impunzi (sanctuary cities) gukorana n'ubutegetsi mu gusubiza mu bihugu vy'amavuko abimukira.

"Sanctuary cities" ni ibibanza bidafata canke ngo bifunge abimukira baba mu gihugu bidaciye mu mategeko.

Image caption Ikarata y'urubibe rwa Amerika na Mexique

Mu mpera z'ino ndwi, Bwana Trump ategekanya gutangaza ingingo z'umwihariko zigabanya igitigiri c'abimukira bo mu bihugu indwi vyo muri Afrika no mu buseruko bwo hagati harimwo Syria, Yemen na Iraki.

Ashobora no guhagarika uruhusha rw'ukwemererwa kuba mu gihugu ku mpunzi zimwe zimwe zikabanza kurindira ko igikorwa co kugosora gifata umurindi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari uduce tumaze kwubakwamwo ibariyeri ku rubibe rwa Amerika na Mexique

Trita Parsi, wo mu ishirahamwe ry'abanyamerika bafise amamuko mu gihugu ca Irani "National Iranian American Council" yavuze ati: "Donald Trump ariko arashira mu ngiro amasezerano ateye isoni kandi akumira yemeye igihe co kwiyamamaza.

"Yasavye ko aba islamu batokwinjira mu gihugu none afashe iya mbere mu kubishira mu ngiro. Bino ntaho bizoshika. Abanyamerika ni beza ntibokwemera bino."

Prezida wa Amerika yaragaragaje kuri Twitter umwitwarariko afise ku rugero rw'ubwicanyi buri muri reta ya Chicago.

Yagabishije ko azorungika aba "Feds" (autorité fédérale) igihe ico gisagara "kitohagarika ubwicanyi" bukorwa yo.

Itangazamakuru ryo muri ako karere rivuga ko abantu 40 bishwe abandi 228 bararaswa mu 2017.