Paris Jackson: "Data yarishwe"

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paris yari afise imyaka 11 igihe se apfa kubera ikibazo c'umutima

Mu kiganiro kirambuye, Paris yabwiye Rolling Stone ko ata nkeka ko urupfu rwa Jackson mu 2009 "rwari "rwateguwe".

Uwo muririmvyi yishwe n'ikirenga c'umuti yatewe witwa propofol. Umuganga yamukurikirana Conrad Murray yaragiwe munyuma n'icaha co kwica ata gushaka.

Paris we azi ko hari vyinshi kuri urwo rupfu. "Yaravuga ko hari abantu bashaka kumwica," niko yavuze.

"Igihe kimwe yagize ati "bazonyica umunsi umwe."

Abajijwe n'uwamugirisha ikiganiro Brian Hiatt ko yibaza ko se yishwe, uwo mukobwa w'imyaka 18 yishuye ati: "Ni vyo cane".

"Kuko biribonekeza. Amakuru dufise yose niyo atumbera aja. Umengo hari integuro yavyo...kandi abamukunda vyukuri hamwe n'abo mu muryango barabizi. Urupfu rwiwe rwari rwateguwe."

Yabandanije avuga ko "abantu benshi" bipfuza ko se apfa. Uwo mukobwa nta mazina yatanze kandi ntiyigeze yagiriza Conrad Murray.

Uwufise ububasha kw’isanamu RoLLING STONE
Image caption Paris Jackson ku rukaratasi rw'intango rwa Rolling Stone

Mu kiganiro na Rolling Stone, Paris ntiyashatse kugaruka ku vyo benshi bazi ko Michael Jackson atari se w'amaraso.

"Ni papa," niko yavuze. "Azoguma ari papa. Ntiyigeze atamuba kandi ntazigera atamuba. Abantu bamuzi bavuga ko bamubona muri jewe, birantera ubwoba.

"Nifata nk'umwirabure," niko yabandanije avuga, asigura ko se yahora amuraba mu maso akamutunga urutoke nkaho amubwira ati "uri umwirabure. Ishimire amamuko yawe."

Yabwiye Rolling Stone ko acambara agakomo ko muri Afrika yari yambaye urya munsi.

"Karacamota we," niko yavuze.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paris yarashikirije ijambo arira ku mva ya se mu 2009

Paris yarashize ahabona ko yafashwe ku nguvu ku bijanye n'amabanga mpuzabitsina "n'umuntu atazi" n'ingene vyamuteye ikibazo ashaka kwiyahura mu 2013.

Inyuma yaho ico kiganiro gitangarijwe ku munsi wa kabiri, Paris yasavye ku buryo ngurukanabumenyi ko bomureka wenyene ntihagire uwumubazagiza.

"Nta muntu nzishura ku bijanye n'ikiganiro nagiranye na Rolling Stone," niko yanditse kuri Twitter. "Niba mufise ibibazo murasoma, birasobanutse."