Rafael Nadal yatsinze Milos Raonic yinjira muri 1/2

Nadal ariko ararondera gutsinda ihiganwa "Australian Open" incuro ya kabiri Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nadal ariko ararondera gutsinda ihiganwa "Australian Open" incuro ya kabiri

Rafael Nadal yinjiye ubwa mbere kuva 2014 mu gice ca kabiri c'inkino za nyuma atsinze Milos Raonic 6-4 7-6 (9-7) 6-4.

Uwo mukinyi amaze gutsinda incuro 14 ihiganwa "Grand Slam" yagiye aragira ingorane z'inguma mu myaka iheze yashoboye kuvyuka ku iseti ya kabiri imbere yuko yigarurira n'iya nyuma.

Nadal yatwaye igikombe mu 2009, azohura na Grigor Dimitrov ku munsi wa gatanu inyuma yaho uwo mugabo wo muri Bulgaria atsindiye David Goffin.

Rafael Nadal w'imyaka 30, aturuka mu gihugu ca Espagne, ashobora guhura na Roger Federer mu rukino rwa nyuma rwo ku munsi wa Mungu.

Federer, w'imyaka 35, azohura n'uwo baturuka hamwe mu Buswise Stan Wawrinka mu rukino rwa mbere rw'igice ca kabiri c'inkino za nyuma ku munsi wa kane.