Trump yasavye itohoza ku "busuma bwo mu matora"

Prezida Donald Trump aremera ko Hillary yibiwe amajwi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Donald Trump aremera ko Hillary yibiwe amajwi

Umukuru w'igihugu mushasha yavuze ko iryo tohoza rizoraba "abiyandikishije gutora muri reta zibiri kandi batabirekuriwe".

Bwana Trump avuga ko iryo tohoza rikwicarira cane "abantu banditswe mu batora kandi barapfuye (bikaba vyakozwe igihe kirekire kuri benshi muribo).

Yavuze ko hafi amajwi imiliyoni zitanu y'abatarekuriwe gutora yahawe Hillary Clinton, ariko nta vyemezo yatanze.

"Bivuye ku vy'itohoza rizoshira ahabona, tuzokomeza uburyo bwo gutora!" niko Bwana Trump yavuze ku bijanye n'iryo tohoza ategekanya.

Prezida yatanguye kwidoga avuga ubwo busuma bwo mu matora mu kwezi kwa cumi na rimwe ku buryo bwa Twitter.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Trump avuga ko hari abatoye batabikwiye

Abajejwe kuvyihweza bavyamiriye kure bavuga ko atari vyo mu gihe abari baserukiye umugambwe w'aba Republicains mu ntara zikomeye nabo bavuze ko ata cemeza ko hari ubusuma bwakozwe igihe c'amatora.

Umunyamabanga ajejwe itangazamakuru mu biro vy'umukuru w'igihugu White House Sean Spicer yavuze ku munsi wa kabiri ko Bwana Trump aguma avyemera biturutse ku " vyigwa hamwe n'ivyemezo abantu baguma bamushikiriza".

Trump kandi yavuze ko leta ye igiye gutangura igikorwa cyo kubaka urukuta ku rubibe rwa Mexique kugira abimukire ntibajabuke baja muri Amerika.