Usain Bolt arahomvye umudari wa Olympique

Nesta Carter yahawe inyishu y'ivyapimwe mu kwezi kwa gatanu imbere y'inkino za Olympique z'i Rio Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Nesta Carter yahawe inyishu y'ivyapimwe mu kwezi kwa gatanu imbere y'inkino za Olympique z'i Rio

Nesta Carter yari mu murwi w'abantu bane batsinze muri 4x100m i Beijing mu 2008.

Ni umwe mu bantu 454 bapimwe n'umurwi "International Olympic Committee" (IOC) mu mwaka uheze, umubiri wiwe utogwamwo umuti wongera inguvu ubujijwe "methylhexaneamine".

Bolt w'imyaka 30 yaronse imidari itatu mu ci riheze muri 100m, 200m na 4x100m, akaba yararonse iyo midari muri ivyo bisata nyene mu 2008 na 2012.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Usain Bolt (muremure uri hagati)

Uwo murwi wirutse amasegonda 37,10, umwanya utari bwashikweko ku isi, imbere ya Trinité-et-Tobago n'Ubuyapani, imidari ivyo bihugu vyaronse ikaba igiye kuduzwa.

Igihugu ca Brésil cari cabaye ica kane kigiye kuja mu kibanza ca gatatu gihabwe umudari w'ifeza.