Al-Shabab yishe abagirizwa gukorera CIA batatu

Al-Shabab ishaka gutembagaza reta ya Somalia ishigikiwe n'amakungu Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Al-Shabab ishaka gutembagaza reta ya Somalia ishigikiwe n'amakungu

Abagwanyi ba al-Shabab bishe abagabo batatu babagiriza gusumira urusaku CIA n’izindi nzego z’iperereza, nk’uko biri ku rubuga rubashigikiye rwa Somali Memo.

Abo bantu batatu biciwe imbere y’isinzi ry’abantu mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Yaq-Barawe.Abdullahi Damey Mohamed Nur, w’imyaka 36 “yahamwe n’icaha co gusumira urusaku CIA akaba yahembwa amadolali amajana abiri buri kwezi”, nk’uko bivugwa n’urwo rubuga.

Umucamanza wa al-Shabab yavuze ko Mohamed yemeye ko afasha Amerika gutera abategetsi ba al-Shabab bakoreshe indege zitagira umudereva.

Uwo mucamanza kandi yavuse ko Iman Hassan w’imyaka 42 yishwe azira gusumira urusaku Kenya akaba yahembwa amadolali 150 buri kwezi.

Mohamed Sharif w’imyaka 21 yagirijwe gufasha ubutegetsi bwa Jubbaland kurondera amakuru ajanye na al-Shabab.

Uwo mugwi ufitaniye ubucuti na al-Qaeda urahagarika abantu baterekwa ivyiyumviro vyawo ukabagiriza gusuma urusaku hanyuma bagaca bicwa.

Mu 2011, umwigisha w’idini rya Islam Ahmed Ali Hussein yaraboshwe aricwa arashwe inyuma yo kwagirizwa ko asumira urusaku CIA kandi ko ari mu kagwi kagwanya uwo muhari.

Uwo muhari wa Al-Shabab urwana ushaka gutembagaza reta ya Somalia ishigikiwe n’amakungu, kugira ushireho ubutegetsi bwa ki islam.