Umuriro urabangamiye igisagara ca Santa Olga mu gihugu ca Chili

Santa Olga Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Mu gisagara ca Santa Olga inzu 1.000 zose zahiye

Ibihugu vyatanguye kurungika abajejwe gutabara gufasha igihugu ca Chili guhangana n'umuriro utari bwigere uboneka muri kahise k'ico gihugu.

Uburusiya bwarungutse indege ishobora gutwara amalitiro mesnhi y'amazi kugerageza gufasha kuzimya uwo muriro.

Uwo muriro wakwiragiye hose wihuta cane cane mu turere two hagati mu gihugu muri Chili, ahari n'umuyaga mwinshi n'ubushuhe bw'umurengera, kandi hakaba hari hamaze igihe hanabangamiwe n'uruzuba.

Igisagara ca Santa Olga kiri ku birometero 240 uvuye ku mugwa mukuru Santiago cononywe cane n'uwo muriro.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ibisigarira vy'umuntu yahiye babisanze mu gisagara ca Santa Olga . Abantu 6.000 bashoboye guhunga ata co babaye
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abantu bagiye bahunganye ibitungwa vyabo. Aha aba bari mu modoka mu gihe ifarasi yabo iriko irabakurikira
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Benshi ntibakigira aho bakika umusaya, nta cizere bagifise
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Uwo muriro wahitanye amahegitare 238.000 mu gihugu cose ca Chili. Abacungera amashamba bavuga ko uwo muriro ubandanya gukwiragira hose
Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abashinzwe gutabara bariko bararirira bagenzi babo batanu bapfuye bariko baragwanya uyo muriro no gutabara abantu