Fillon yiyemeje kuva mu matora ya prezida mu gihe yogirwako amatohoza

Hari abavuga ko ibivugwa ku mahera yahembwe Penelope Fillon (i bubamfu) bishobora kwononera umugabo wiwe Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hari abavuga ko ibivugwa ku mahera yahembwe Penelope Fillon (i bubamfu) bishobora kwononera umugabo wiwe

Francois Fillon yavuze ko ashobora kuva mu matora y'umukuru w'igihugu mu gihe ubutungane bwomugirako amatohoza.

Fillon ariko aravugwa cane mu binyamakuru ko umugore wiwe yahembwe amahera ku bikorwa yaranguye mu nama nshingamateka atigeze akora.

Uwo mukandida yabwiye imboneshakure y'Ubufaransa ko ata kintu na kimwe cakozwe kidaciye mu mategeko ku kazi yakora.

Yavuze ko ashobora gutanga ivyemeza ariko arahakana gucibwa urubanza n'ibinyamakuru.

Ku musi wa gatatu ikinyamakuru ca Canard Enchaine ko:

  • Penelope Fillon yaronse amahera yoba agera ku mafaranga y'ama Euro 500.000 (£430.000; $534.000) nk'umufasha wiwe mu nama nshingamateka, ariko ntacemeza ko yakoze ako kazi
  • Yarishwe ayandi mahera arenga 100.000 y'ama Euro ahawe n'umugwizatunga, umugenzi w'umugabo wiwe.

Ivyo vyatumye abashikirizamanza baraba ivyo ubutunzi bugurura amatohoza y'ibanze, ariko Fillon n'umugore wiwe bazokorwako amatohoza n'ubutungane canke bitwarigwe mu gihe abashikirizamanza bosanga hari ico bakwiye kubazwa.