Mexique yiyamirije Trump ku makori yo kwubaka uruhome

Hari uruzitiro rusanzwe ruhari ku rubibe rwa Amerika na Mexique rwa 2 000 miles (3200km) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Hari uruzitiro rusanzwe ruhari ku rubibe rwa Amerika na Mexique rwa 2 000 miles (3200km)

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'amakungu Luis Videgaray yavuze ko ayo makori azotuma ibidandazwa biva muri Mexique bizimba ku banyamerika, ko impera n'imperuka Amerika izosanga ariyo iriko irasohora amahera yo kwubaka urwo ruhome.

Prezida wa Mexique yahagaritse urugendo rwomutwaye mu gihugu ca Amerika bivuye ku mpari z'uwukwiye gutanga amahera y'urwo ruhome.

Urwo ruhome ruri mu vyo Bwana Trump yiyemeje gukora igihe co kwiyamamaza.

Mu ntango y'ino ndwi niho Prezida Trump yashira umukono ku bwirizwa risaba ko hubakwa uruhome ku rubibe rwa 2 000 miles (3200 km) hagati ya Amerika na Mexique.

Ku munsi wa kane niho Bwana Videgaray yagira ati: "amatagise ku bidandazwa bivuye muri Mexique ntibuzoba ari uburyo bwo gutuma Mexique itanga amahera y'urwo ruhome, ahubwo ni uburyo bwo gutuma abanyamerika bo mu buraruko batanga ayo mahera kuberako ko amavoka, amamashini yo kumesa, amateleviziyo azoca azimba."

Ku munsi wa kane, umuvugizi w'ibiro vya Prezida White House Sean Spicer yavuze ko ibice 20% vy'amakori bishobora kwinjiza hafi imiliyardi $10 y'amatagise ku mwaka.

Umunyamabanga w'akazi Reince Priebus munyuma we yavuze ko ayo makori ari inzira imwe mu zindi nyinshi zo kurondera uburyo bwo kwubaka urwo ruhome.