Umunyeshule yategetswe kwituma mu ndobo yarishwe imiliyoni $1.3 mu rubanza

Ishule uwo mukobwa yitumye mu ndobo yigako Uwufise ububasha kw’isanamu Google
Image caption Ishule uwo mukobwa yitumye mu ndobo yigako

Sentare yagiye ku ruhande rw'uwo mukobwa yashengeje ishule hamwe n'umwigisha ku vyabaye mu 2012, vyatumye ahahamuka ahakwa kwiyahura.

Ishule rivuga ko ritigize ryipfuza kugora uwo munyeshule ko ahubwo umwigisha yashatse kurondera inyishu kuco we yibaza ko ari itegeko ntarengwa, niko abahinga mu vy'amategeko bavuze.

"Avyihweje mu mwanya muto, yibaza ko ari iciyumviro ciza", niko Katheryn Martin, umushikirizamanza w'ishule yavuze.

Uwo munyeshule wo kuri "Patrick Henry High School", ubu afise imyaka 19, yavuze ko mwigisha wiwe Gonja Wolf yanse ko aja mu kazu ka surwumwe.

Uwo mwigeme yasavye kuja kwitabara igihe bari mu mwanya w'impanuro zimara iminota 25, umwigisha Wolf akaba ico gihe yabona ko bitarekuwe kurekura umunyeshule kuja kwituma, niko abahinga mu vy'amategeko bavuze.

Wolf yaciye asaba uwo munyeshule gukoresha akumba kari gafatanye n'icumba co kwigiramwo, aho yaciye yituma mu ndobo munyuma asesa mu kinogo gitwara amazi y'umucafu.

"Ibintu nkibi ntivyari bikwiye gushikira umwana w'umukobwa w'imyaka 14 acinjira mu mashule yisumbuye," niko uwunganira mu rubanza uwo munyeshule Brian Watkins yavuze.

"Uwo mukobwa yagiye ku ruhimbi arigana iyo nkuru ibabaje. Yabwiye abacamanza ingene vyahungabanije ubuzima bwiwe kandi ko nubu bikimutera ingorane."

Uwo munyeshule vyabaye ngombwa ko ahindura ishule incuro zibiri akama aja no kwa muganga aho bamufasha ngo bamukuremwo ihahamuka, niko Watkins yavuze.

Iruhande y'imiliyoni $1.25, abacamanza bongeye uwo mukobwa $41,000 yo gusubiza ayo yakoresheje yivuza.

Uwo mwigisha yasabwe kuja mu ikonje ariko akabandanya ahembwa ariko munyuma ntiyagarutse kuri iryo shule.

Ishule ryiyamirije iyo ngingo rikavuga ko rishobora kwunguruza urwo rubanza.