Abantu batandatu bishwe barashwe mu musigiti i Quebec muri Canada

Quebec City Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Igipolisi kiremeza ko hariho abantu bapfuye ariko ntikiravuga igitigiri

Abantu batandatu bishwe barashwe mu musigiti umwe uri mu gisagara ca Quebec mu gihugu ca Canada.

Ukurasana kwabereye ku nzu y'akaranga ya Islam mu gisagara ca Quebec ku w'Imana mw'ijoro nk'uko bimenyeshwa n'igipolisi.

Ku rubuga rwa facebook, ico kigo cashizeko video yerekana igipolisi kiri hanze y'iyo nyubakwa.

Iyo video iherekejwe n'ubutumwa buvuga ko "bamwe bapfuye".

Igipolisi kivuga ko abantu babiri bamaze gufatwa.

Umuntu yabibonye yabwiye itororokanirizo ry'amauru rya Reuters ko abantu ico gitero cagizwe n'abantu batatu bitwaje inkoho.

Iryo tororokanirizo ry'amakuru kandi rivuga ko abajejwe umutekano bafise inkoho zikomeye babonetse bariko barinjira muri uwo musigiti.

Ikinyamakuru ca Le Soleil kivuga ko caronse inkuru zivuga ko umwe mu bagize ico gitero ari umusore w'imyaka 27 yiyita "Quebec", akaba yari yitwaje inkoho yo mu bwoko bwa AK-47.

Uko kurasana kwabereye muri uwo musigiti uri kw'ibarabara rya Saite-Foy, umwe mu misigiti irongowe n'ico kigo c'akaranga ka Islam.

Ico gitero cabaye igihe hariko haraba igisabisho co kumugoroba

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi kiramaze guhagarika abantu babiri

Umukuru w'uwo musigiti, Mohamed Yangui, atari ho yari ari igihe haba ico gitero, yabwiye Reuters ko gushika ubu ataramenya igitigiri c'abahasize ubuzima n;aho bajanywe mu bitaro bitandukanye vya Quebec.

"Ibi n'ibiki biriko biraba koko?" ni ko yibajije.

Mu kwezi kwa gatandatu umwaka uheze, harabonetse iruhande y'umuryango w'uwo musigiti umutwe w'ingurube utekeye neza nk'agashimwe handitsweko ngo "bonne appetit". Aba islam ntibarya ingurube.

Uwufise ububasha kw’isanamu Quebec Islamic Cultural Centre
Image caption Ico kigo cavuze ko uwo mutwe w'ingurube cari "ikimenyetso c'urwanko"

Umushikiranganji wa mbere wa Canada Justin Trudeau yanditse kuri twitter mu congereza n'igifaransa "Iri joro, abanye canada baragandariye abiciwe muri iki gitero c'iterabwoba mu musigiti umwe wa Quebec. Nifatanije n'abigize izo ngorane n'imiryango yabo."