Volkswagen yasize Toyota mu kugurisha

Imodoka zo mu bwoko VW zo mu Budagi zirahurumbigwa n'abanyamerika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Imodoka zo mu bwoko VW zo mu Budagi zirahurumbigwa n'abanyamerika

Ihinguriro Toyota ryo mu gihugu c'Ubuyapani ryari mu kibanza ca mbere muri ino myaka ine, ryagurishije ku isi yose imodoka imiliyoni 10.175 mu 2016.

Ico gitigiri kiri hasi ku miliyoni 10.31 z'imodoka VW yavuze mu ndwi iheze ko yagurishije.

Ihinguriro VW rigeze kuri iyo ntambwe mu gihe rimaze igihe ryagirizwa kuba ryatanze amakuru atari yo mu gupima urugero rw'imyuka ya gazi imodoka y'iryo hinguriro isohora, bikaba vyaratunguye abatari bake ndetse bamwe bararyitwarira.

Volkswagen ikora imodoka zo mu bwoko bwa Audi, Porshe na Skoda, igitigiri c'imodoka zigurishwa ciyongeye ku bice 3.8% bitewe n'abantu benshi baziguze mu gihugu c'Ubuchinwa.

Iryo hinguriro ryaratandukiriye n'ayandi masoko. Nko mu gihugu ca Suede, Volkswagen niyo yabaye iya mbere abantu bakunda mu mwaka wa 2016 buba bubaye ubwa mbere Volvo imaze imyaka 50 iri hejuru iva kuri ico kibanza.

Ihinguriro General Motors ryo muri Amerika rizosohora ibitigiri vyaryo mu ndwi iza ariko vyitezwe ko bitazokwegera ivy'Ubuyapani canke Ubudagi.

GM yari iya gatatu ikora imiduga myinshi mu mwaka w'i 2015. Yarabaye iya mbere mu mwaka wa 2011 igihe Ubuyapani bukoreye imodoka nke kubera ivyaduka vya nyamugigima na tsunami.