Ingwano muri Congo: Abagwanyi ba M23 bahungiye mu Rwanda

Umukuru w'ingabo z'uRwanda Prezida Paul Kagame Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru w'ingabo z'uRwanda Prezida Paul Kagame

Mu itangazo ryasohowe n'umuvugizi w'igisirikare c'u Rwanda, bivugwa ko abo bagwanyi binjiye mu gihugu c'u Rwanda ata nkoho bafise ariko bakivugira ko bagwana mu muhari M23.

Igisirikare c'u Rwanda ntikiratangaza aho bashikiye kandi nta mazina yabo kirashira ahabona nkuko bitazwi niba abahunze ari abasirikare bato canke ko hoha harimwo ibisongerezi.

Umuvugizi w'ingabo Lt Col Ngendahimana yavuze ko abinjiye mu Rwanda ari 30 kandi ko biyemereye ko bari mu muhari M23 .

Ngo binjiye mu Rwanda bahunga ingwano ikomeye yabahuza n'ingabo za Congo.

Hari haheze iminsi havugwa imirwano yasubiye kwaduka mu buseruko bwa Congo hamwe n'itoroka rya bamwe mu barwanyi ba M23 bari ku butaka bwa Uganda .

Umutwe wa M23 watanguye kwumvikana mu mwaka wa 2012 ugwanira mu gace k'ubuseruko bwa Congo.

Inyuma y'umwaka umwe uwo muhari warasambutse uneshejwe n'ingabo za Congo zishigikiwe n'iz'umuryango mpuzamakungiu Onu. Igice kimwe c'abo bagwanyi cahungiye mu Rwanda kirongowe n'umukuru waco Jean Marie Runiga, ikindi kija mu gihugu ca Uganda .

Leta ya Congo yagumye irega U Rwanda n' Ubuganda gufasha uwo muhari, ikongera ikavuga ko abagwana bari bavuye mu gisirikare c'u Rwanda.