Kenya: abakunzi bakoze ubugeni ku $1

Wilson Mutura n'umufiyanse wiwe Ann bahisemwo gukora ubugeni buciye bugufi butagira amagato, amashugwe n'ibindi bisharizo
Image caption Wilson Mutura n'umufiyanse wiwe Ann bahisemwo gukora ubugeni buciye bugufi butagira amagato, amashugwe n'ibindi bisharizo

Wilson na Ann Mutura barunguruje itariki y'ubugeni bwabo incuro zibiri mu 2016 vyanse ko baronka $300 bari bakeneye.

Baciye bahitamwo gukora ubugeni uno mwaka bakoresheje amahera make abaho.

Umugabo yasohoye idolari rimwe ($1) ryo kugura impeta bambikanye bavuga ivyo basezeranije.

Ibindi vyakenera amahera- birimwo uruhusha rwo kurongora- vyatanzwe n'isengero.

Abasomye ivy'ubwo bugeni ku rubuga ngurukanabumenyi barashimye iyo nyifato, basigura ko gukora ubugeni bisigaye bitwara amahera menshi muri kino gihe.

Iyo nkuru ya Wilson, w'imyaka 27, n'umugore wiwe Ann, w'imyaka 24, yarakanguye abakenya benshi.

Wilson yabwiye BBC ko uwo bavukana yamuhanuye kwubakana na Ann atiriwe arakora ubugeni ariko we n'umufiyanse wiwe bakaba bashaka guhezagirwa.

Wilson ntiyashoboye gukwiza amahera yari akeneye naho acuruza ivyamwa.

Abumvise ivyabo barabakeje.

"Ndabikunze cane!- uwavugiye ku rubuga ngurukanabumenyi

"Ni nde yavuze ko dutegerezwa kwigora tukarondera gukora ubugeni busaba amahera atagira ukwo angana? niko Jay Can-did avuga

"Ni vyiza cane. Igihambaye ni ukwubaka si ugukora ubugeni." Daniel Wafula (Twitter)

"Ubugeni bwabo nta na kimwe kirimwo ariko ukwubaka ni vyiza cane," Beatrice Oloo (Facebook)

"Birahimbaye, nabikunze cane- gukoresha ivyo ushobora guhamvya birafasha gutegera ko witunganije." Moses Matikho (Facebook)

Abo bantu babiri bahisemwo gukora ubugeni bucirurutse butagira gato, amashurwe hamwe n'ibindi bisharizo.

"Nibaza ko amahera atohagarika abakiri bato nka twebwe kubana. Iyo abantu bakundana bakaba bipfuza kwubaka bakwiye kubikora," niko Ann yavuze.

Hari abantu n'amashirahamwe atari make yavutuwe n'inkuru yabo bantu munyuma babaha utuganuke kubera ubwo bwira bagize.

Bimirije kuja mu karuhuko (voyage de noces) inyuma yaho ishirahamwe rikorera ku vy'ingenzi ryemeye kubarihira ku kiringo c'iminsi itanu.