Gambia: Umujenerali yakorana na Jammeh yafashwe

Bwana Jammeh yarongoye Gambia imyaka 22 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bwana Jammeh yarongoye Gambia imyaka 22

Abasirikare bo muri Afrika y'uburengero bafashe umusirikare w'ipete rya Jenerali hamwe n'ibigwanisho ku ngoro y'uwahora atwara igihugu muri kino gihe yahunze Yahya Jammeh, niko uwurongoye igisiriakre Francois Ndiaye yavuze.

Jenerali Bora Colley agenzura ingabo zo mu gisata ca "commando" yafatiwe mu gihugu kibanyi ca Senegal, niko yabandanije avuga atiriwe aratanga izindi nsiguro.

Izo ngabo z'akarere zateye n'ingoro ya Jammeh iri aho aturuka ku mutumba wa Kanilai, zihatora inkoho hamwe n'amasasu, niko Jenerali Ndiaye yavuze, yongera ati: "Ibintu vyose turabigenzura."

Jenerali Colley yahora arongoye ingabo mu ikambi ya Kanilai, aho Bwana Jammeh yari yategekanije kuja gufatira akaruhuko k'izabukuru imbere yuko aja mu buhungiro aheje kwanka kwemera ko yatsinzwe mu matora yo ku itariki 1 ukwezi kwa 12, uko niko ikinyamakuru "The Gambia's Freedom" canditse.

Abasirikare bane bacungera umutekano w'umutambukanyi wa Bwana Jammeh, Zainab, nabo nyene bafashwe ku mupaka w'ahitwa Karang muri Senegal, niko Jenerali Ndiaye yavuze.

Ingabo z'akarere zimaze iminsi zifasha Prezida Adama Barrow gutsimbataza ubutegetsi muri ako gahugu gato ko muri Afrika yo mu burengero kuva indwi iheze Bwana Jammeh ahunze.