Ikibombe c'ubwiyahuzi cishe abantu muri Nigeria

Ikarata y'igihugu ca Nigeria
Image caption Ikarata y'igihugu ca Nigeria

Abantu babiri bapfuye mu gitero ca bombe cagabwe n'umwihevyi mu buraruko bwa Nigeria ku musigiti uri hafi y'ishule kaminuza ya Maiduguri igihe c'ibisabisho vyo mu gitondo

Ku munsi wa mbere umwana w'umukobwa akekwa kuba yoba afise imyaka cumi yariturikije ashaka kugaba igitero (ahitwa Banki) hafi y'urubibe rw'igihugu ca Cameroun.

Umurwi w'aba jihadistes Boko Haram umaze iminsi ugomoye abakobwa bakiri bato n'abana mu bitero vy'ubwihevyi vyibasira ibibanza birimwo abantu benshi nk'imisigiti, amasoko hamwe n'ibituro vy'amabisi.