Abarundi bashika 200 bahawe u Burundi bakuwe muri Kongo

U Burundi bwamye bwagiriza u Rwanda guha inyigisho za gisirikare ababuhungabaniriza umutekano ariko u Rwanda rukabihakana
Image caption U Burundi bwamye bwagiriza u Rwanda guha inyigisho za gisirikare ababuhungabaniriza umutekano ariko u Rwanda rukabihakana

Abarundi bababa 200 bagizwe n'urwaruka bahora bapfungiwe muri Repubulika Iharabira Demokarasi ya Kongo, bashikirijwe u Burundi kuri uyu wa kabiri.

Marcelin Cishambo arongoye intara ya Kivu y'epfo ari nawe yazanye iyo misore yahakanye ibivugwa ko boba ari abarwanyi.

Ariko yabwiye abamenyeshamakuru ko bamwe muri bo biyemangiye ko binjiye muri Kongo bavuye mu Rwanda aho bariko barasaba ubuhungiro.

Urwo rwaruka rwagomba kuba rwarungitswe mu Burundi mu ndwi zibiri ziheze, ariko umugwi wa ONU uhagarariye amahoro muri Kongo basibije ico gikorwa.

Kwagiriza u Rwanda

Haciye imyaka ibiri hari Abarundi bafatiwe muri Kongo bavuye mu gihugu c'u Rwanda, mu ntango bikaba vyavugwa ko bari bagiye gutegura ibitero kuri leta y'u Burundi.

Kuva imvururu zitanguye mu Burundi nyuma y'aho Prezida Nkurunziza agenywe n'umugambwe wiwe, CNDD FDD, ngo yitoze mu kindi kiringo, u Burundi bwamye bwagiriza u Rwanda kugira uruhara mu babuhungabaniriza umutekano.

Bwaranitwaye ku nzego z'akarere na mpuzamakungu ko Abarundi bahungiye mu Rwanda bahabwa na leta y'u Rwanda imyimenyerezo ya gisirikare, ariko ivyo u Rwanda rwamye rubihakana.