Ubumwe bwa Afrika busaba ibihugu kuva muri CPI

Ibihugu 34 nivyo vyateye umukono ku masezerano ya Roma yatumye iyo sentare ishingwa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ibihugu 34 nivyo vyateye umukono ku masezerano ya Roma yatumye iyo sentare ishingwa

Iyo ngingo ntawe ihamagarira gufata icemezo mu gihe ibihugu vyose bitayihurijeko, Nigeria na Senagal bikaba vyiyamirije uwo mugambi.

Igihugu c' u Burundi hamwe na Afrika yepfo vyaramaze gufata ingingo yo kuva muri iyo sentare, vyagiriza sentare mpuzamakungu mpanavyaha CPI kutubaha ubusugire bw'ibihugu no kurondera gukurikirana abanyafrika gusa.

CPI yarahakanye ivyo birego ivuga ko iba yipfuza kwuzuriza abantu baba bakorewe amabi mu ngwano muri Afrika.

Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wafashe iyo ngingo ku munsi wa kabiri inyuma y'impari mu nama y'abakuru b'ibihugu iba ku mwaka ku mugwa mukuru wa Ethiopia Addis Ababa, niko umumenyeshamakuru wa BBC Emmanuel Igunza yavuze.

Muri iyo ngingo bivugwa ko ibihugu bizosaba akanama kajejwe umutekano ka Onu inagugwa rya CPI, niko yabandanije avuga.

Prezida wa Sudani Omar al-Bashir, arondegwa n'iyo sentare kubera ivyaha vy'ihonyabwoko muri Darfour, yari yitavye iyo nama.

Ibihugu 34 vya Afrika nivyo vyateye umukono ku masezerano ya Roma, yatumye CPI ishingwa.

Muri rusangi ibihugu 123 ku isi nivyo bimaze kwemeza ayo masezerano, Amerika ikaba itari kuri urwo rutonde.

Sentare mpuzamakungu mpanavyaha ifise intego yo gushikiriza abo bose bakekwako ivyaha bikomeye - ihonyabwoko, ivyaha bikorewe kiremwa muntu n'ivyaha vyo mu ngwano.

Gushik'ubu abanyafrika nibo bakurikiranwa.