Trump ntiyumvikanye n'umushikiranganji wa mbere wa Australia kuri terefone

Bwana Trump yaranse ko impunzi zinjira muri Amerika vy'agateganyo Uwufise ububasha kw’isanamu AP/EPA
Image caption Bwana Trump yaranse ko impunzi zinjira muri Amerika vy'agateganyo

Prezida Donald Trump wa Amerika ntiyumvikanye n'umushikiranganji wa mbere wa Australia Malcolm Turnbull ku kibazo kijanye n'abimukira mu kiganiro bagiranye kuri terefone.

Ku vyerekeye ico kiganiro, itororokanirizo ry'amakuru Washington Post ryavuze ko Trump yavuze ko ari "kibi cane" mu vyo yagiranye kuri terefone n'abandi bategetsi kuri uwo munsi, munyuma agicira hagati.

Mu masezerano yagizwe kuri reta ya Prezida Barack Obama nuko abimukira 1 250 bariko baraja mu gihugu ca Australia bategerezwa kwakirwa na Amerika.

Abo bategetsi ukwo ari babiri ntibashoboye kwumvikana kuri ico kibazo mu gihe Trump amaze gufata ingingo yo guhagarika igikogwa co kwakira abimukira ku mezi atatu.

Munyuma Bwana Trump yisubiyeko yandika kuri Twitter ko agiye "kwiga ayo masezerano atakozwe neza".

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter
Image caption Trump avuga ko agiye kwiga ayo masezerano

Australia yaranse kwakira abo bimukira ibafungira mu bihugu vyo mu mazinga ya Nauru na Papouasie-Nouvelle-Guinée mu ibahira rya Pacifique.

Umushikiranganji wa mbere wa Australia amaze igihe ashaka kumenya kazoza kayo masezerano inyuma yaho Bwana Trump ashiriye umukono ku tegeko bwirizwa ribuza abimukira hamwe n'abanyagihugu bava mu bihugu indwi bigwiriyemwo aba islamu kwinjira muri Amerika.

Akamo ka terefone ka Bwana Trump avugana na Bwana Turnbull kabaye ku munsi wa gatandatu, ico gihe akaba yari yavuganye n'abandi bategetsi bane bo ku isi barimwo Vladimir Putin w'Uburusiya.

Ku bwa Washington Post ishikiriza amakuru yavuye ku bategetsi ba Amerika, ico kiganiro co kuri terefone categerezwa kumara isaha imwe ariko Trump yagiciriye hagati agihagarika haheze iminota 25, niko bavuze.

Bwana Turnbull yipfuza kumenya niba Bwana Trump azubahiriza ayo masezerano yapfunditswe ku butegetsi bwa Obama.