Twitter yatanze umuliyoni $1 wo kugwanya Trump

Abantu benshi baremeye gutanga impano ku rubuga ngurukanabumenyi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abantu benshi baremeye gutanga impano ku rubuga ngurukanabumenyi

Abakozi b'urubuga hwaniro Twitter bahaye amahera arenga umuliyoni w'amadolari ikigo giharanira agateka ka kiremwa muntu "American Civil Liberties Union" (ACLU) ngo kigwanye ingingo Prezida Donald Trump aheruka gufata ibuza abimukira n'abanyagihugu bava mu bihugu ndwi bigwiriyemwo aba islamu kwinjira mu gihugu ca Amerika.

Ikigo ACLU camenyesheje ko gifise intego yo kugwanya civuye inyuma iyo ngingo.

Kivuga ko kimaze kwegeranya amahera agera ku miliyoni 24 z'amadolari mu mpano zatangiwe ku rubuga ngurukanabumenyi muri ino minsi iheze.

Ishirahamwe rya Taxi, Lyft, ryavuze mu minsi iheze ko rizoha ACLU imfashanyo y'umuliyoni $1 muri ino myaka ine iza.

Abakozi bashasha 1 000 ba Twitter batanze imfashanyo irenga $500 000.

Ku butumwa bwacishijwe kuri Twitter, umuhinga mu vy'amategeko Vijaya Gadde yavuze ati: "Igikorwa cacu ntikirarangira.

"Mu mezi ari imbere, abantu bazoshwabaduka biyamiriza iyo ngingo, babikurikirane bisunze amategeko, bongera basohore amatangazo."

Itororokanirizo ry'amakuru Bloomberg naryo ryamenyesheje ko amahinguriro akomakomeye mu vy'ubuhinga ariko arategura ikete azorungikira Trump, risigura amakenga bafise kuri ico kibazo c'abimukira, bamugire inama ingene yogikemura.

Ku rundi ruhande, ikigo gifasha kurungika ubutumwa Viber cuguruye umuhora wa gusa w'iterefone ku bipfuza guhamagara mu bihugu vyakozweko niyo ngingo - Iraki, Syria, Irani, Libiya, Somalia, Sudani na Yemeni.