Vyitezwe ko umuririmvyi rurangiranwa Beyonce yibaruka amahasa

Ifoto ya Beyonce kuri Instagram Uwufise ububasha kw’isanamu Beyonce/Instagram
Image caption Ifoto ya Beyonce kuri Instagram

Imbere y'uko indwi zibiri zirangira Donald Trump ashikirizwe ubutegetsi muri Amerika, inkuru zivugwa muri ico gihugu zijanye na politike gusa.

Ingingo za Trump n'impinduka za politike muri Amerika ni vyo vyavuzwe cane gusumba izindi nkuru muri Amerika.

Imbere yo kurahizwa kwa Trump, abakunzi ba Beyonce bavuga ko yari gushobora gusohora urukurikirane rw'indirimbo ico gihe Trump yarahizwa,

Ariko Beyonce nta rwo yasohoye yamenyesheje ku rubuga rwa Instagram yo yari kwerekana ibindi bintu bitandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Beyonce, umugabo wiwe Jay Z n'umukobwa wabo Blue Ivy

Ukuri n'uko Beyonce yibungenze amahasa.

Ifoto yo kuri Instagram iramwerekana apfukamye iruhande y'amashurwe bigaragara ko yibungenze.

Iyo nkuru ya Beyonce yakurikiranywe n'abandi bantu benshi bo ku zindi mbuga ngurukanabumenyi.

Abantu benshi bagiye batanga amazina azohabwa abana ba Beyonce, bamwe bavuga ngo bitwe Yellow na Red Ivy.

Umukobwa wa Beyonce na Jay Z w'imyaka itanu yiswe izina rya Ivy Carter

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

"