Uwahora akinira Colombia Diego Osorio arakurikiranwa ku biyovyabwenge

Diego Leon Osorio yafatiwe ku kibuga c'indege ca Medellin itariki 12/10/2016 Uwufise ububasha kw’isanamu COLOMBIAN POLICE
Image caption Diego Leon Osorio yafatiwe ku kibuga c'indege ca Medellin itariki 12/10/2016

Uwahora akinira umugwi w'igihugu wa Colombia mu mupira w'amaguru Diego Osorio arakurikiranwa n'ivyaha vyo kugurisha ibiyovyabwenge.

Diego Leon Osorio, 46, yagirizwa kuba yashatse kwinjiza ikilo kimwe ca cocaine mu gihugu ca Espagne yakinyegeje mu gakabutura ko munsi, ivyo akaba abihakana.

Yafatiwe ku kibuga c'indege ca Medellin muri Colombia mu kwezi kwa cumi guheruka.

Yagiwe, Bwana Osorio ashobora guhabwa igihano c'igipfungo c'imyaka 12.

Bwana Osorio yakiniye umurwi w'igihugu wa Colombia mu 1991 no mu 1993 hamwe no mu nkino za Olympique zo muri Barcelone mu 1993.

Yarakinye no mu mirwi yo muri Colombia, Atletico Nacional, Santa Fe na Medellin.

Ibimenyeshamakuru vyo mu gihugu bivuga ko amaze guheba gukina, yaciye aja mu vyashara vy'amahoteri.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Diego Osorio (nomero zitanu) yarakinye mu rukino rwo kwifatanya n'abahitanywe n'amamine