Imbwa yatumye umwana wa Prezida Adama Barrow apfa yishwe

Habibu Barrow yariwe n'imbwa yo mu muryango, niko ubutegetsi bwavuze Uwufise ububasha kw’isanamu DR ISATOU TOURAY/FACEBOOK
Image caption Habibu Barrow yariwe n'imbwa yo mu muryango, niko ubutegetsi bwavuze

Imbwa yatumye umwana wa Prezida Adama Barrow w'imyaka umunani apfa yishwe, niko umushikiranganji w'uburimyi yavuze.

Habibu Barrow yapfiriye mu bitaro inyuma yaho aririwe n'imbwa mu kwezi guheze ku rugo rwa inasenge ruri ku nkengera hafi ya Banjul.

Iryo sanganya ryabaye imbere yuko Bwana Barrow yimikwa, igihe yari yahungiye mu gihugu ca Senegal.

Uwo mukuru w'igihugu agarutse mu gihugu ca Gambia muri ino minsi ya vuba, ntiyashoboye kuja mu birori vyo gushingura umuhungu wiwe.

Amakuru avuga ko Habibu - umwe mu bana batanu - yariwe n'iyo mbwa akomereka mu mutwe.

Ico gikoko kitari catewe urucanco rwo gukingigwa, cahavuye cicwa ku wa kabiri, nkuko ubutegetsi buvuga.