Amerika yagabishije Korea ya ruguru ku birwanisho vy'ubumara

Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika James Mattis na mugenzi we wa Korea ya ruguru Han Min-koo. Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika James Mattis na mugenzi we wa Korea ya ruguru Han Min-koo.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi muri Amerika James Mattis yavuze ko Korea ya ruguru izohanwa bikomeye igihe yogerageza mu buryo ubwo ari bwo bwose gukoresha ibigwanisho vy'ubumara.

Mattis ari muri Korea y'epfo aho yabwiye ico gihugu ko gishigikiwe cane na Amerika.

Igeragezwa rya buri gihe rya rokete z'ubumara rikorwa na Korea ya ruguru hamwe n'agasomborotso n;'iterabwoba ko ico gihugu gishobora gukoresha ivyo birwanisho ku bihugu biri muri ako karere.

Amerika ifise abasirikare benshi muri Korea y'epfo n'Ubuyapani, ingingo zafashwe inyuma y'intambara.

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abasirikare ba Amerika na bagenzi babo ba Korea ya ruguru bari mu myimenyerezo hamwe

Donald Trump yigeze kuvuga ko ivyo bihugu bibiri bikwiye kuza birariha Amerika kugira abasirikare b'ico gihugu bashobore kugumayo.

Mattis yakoresheje urwo rugendo muri Korea y'epfo mu kwemerera ico gihugu ko ubutegetsi bwa Trump buzobandanya kurinda umutekano w'ako karere.