Amerika: Inyubakwa nshasha za Israel muri Palestine zobangamira amahoro

Inzu nshasha za Israel muri West Bank mu buraruko bwa Ramallah. ifoto: itariki 31 ukwezi kwa mbere mu 2017 Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Inyubakwa za Israel muri Palestine ziteye kubiri n'amategeko mpuzamakungu

Kwubaka inyubakwa nshasha za Israel "bishobora kudafasha" gushika ku masezerano y'amahoro na Palestine, nk'uko vyavuzwe n'ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amer

Iryo tangazo riteye kubiri n'ivyo Donald Trump yari yashikirije ko atagwanya ivyo bikorwa vyo kwubaka vya Israel.

Ariko bivugwa ko atabona ko inyubakwa zari zihasanzwe ari inzitizi ku mahoro nk'uko vyari bisanzwe muri politike ya Amerika.

Ikibazo c'amazu yubakwa mu karere Israel yigaruriye ka West Bank ni kimwe mu bitavugwako rumwe hagati ya Israel na Palestine.

Abayahudi barenga 600.000 baba mu mazu yoba ashika 140 yubatswe kuva Israel yigaruriye akarere ka West Bank n'ubuseruko bwa Jersalem mu 1967.

Ayo mazi afatwa ko atemewe n'amategeko mpuzamakungu, n'aho Isarel iguma yizigitira.

Reta ya Israel ishigikiye iyubakwa ry'amazu mashasha muri utwo turere ico gihugu cigaruriye, itumvikana na gato n'ubutegetsi bwa Obama kuri ico kibazo, yumva ko igiyer kuronka agahengwe kuva Donald Trump ashikiriye ubutegetsi mu kwezi guheze.

Mu misi mike iheze, Israel yaramenyesheje ko ifise umugambi wo kwubaka inzu ibihumbi n'ibihumbi abantu bazobamwo, imwe mu ngingo itari iherutse gufatwa muri ino myaka.

Ku musi wa gatatu, umushikirangani wa mbere Benjamin Netanyahu yavuze ko agiye gushira mu ngiro uwo mugambi wo kwubaka inzu nshasha mu karere ka West Bank, ubwa mbere mu myaka irenga 20.

Ivyo yabimenyesheje mu gihe igipolisi cariko kirirukana abantu mu kibanza badategerezwa kubamwo ca Amona.

Sentare yategetse ko Amona isamburwa kuko kuko ari akarere k'abanye palestine.

Mw'itangazo ryo kumusi wa kane, ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Amerika vyavuze: "Mu gihe twemera ko inyubakwa zihasanzwe atari inzitizi ku mahoro, iyubakwa ry'inzindi nzu no kubandanya kwiyagurira ibindi bibanza harenzwe ku mbibe zahahora ntibishobora gufasha gushika ku mahoro."

Bivugwa ko Ubutegetsi bwa Trump bwiteze kuganira ico kibazo na Netanyahu igihe azoba ari mu rugendo i Washington mu mpera z'uku kwezi.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri, Trump yavuze ko itorwa ry'itegeko ryiyamiriza ukubandanya kwubaka inyubakwea nshasha n'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi, ari "igihombo gikomeye" kuri Israel ko bizotuma " bigorana kugiriranira ibiganiro vy'amahoro", arahirira "kuzobikurikiza kuko ata nkundi yogira"

Yanemeye ko "ibintu bizohinduka" muri Onu niyamara gushikira ubutegetsi.

Ingingo ya Onu - iya mbere kuva mu 1979 yiyamiriza politike yo kwubaka mu turere twa Palestine - yavuze ko uko kwubaka "kudakurikije amategeko" kandi ko ari "uguhonyanga amategeko mpuzamakungu kandi ko ari inzitizi ku mugambi wo gushiraho amareta abiri nk'inyishu y'ivyo bibazo".