Umugore yavuganye na Magufuli atarinze gusaba umubonano

Perezida John Magufuli wa Tanzaniy
Image caption Perezida John Magufuli wa Tanzaniya

Umugore w'umupfakazi yadurumbanije umutekano w'abantu bari mu nama irimwo umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli mu gisagara ca Dar es Salaam, asanga prezida aho yicaye, amutura ingorane afise zijanye n'itongo agira anyagwe.

Umupfakazi Shoshi, nkuko itororokanirizo ry'amakuru rya reta Daily News rimwita, yateye akavuyo mu birori vya "Law Day" umunsi wahariwe gukomeza amategeko wibukwa ku mwaka utegugwa n'igisata c'ubutungane.

Muri video yerekanywe ku rubuga ngurukanabumenyi uwo mugore yaciye mu bantu atumbera iyo prezida Magufuri ari abajejwe umutekano nabo bamusubiza inyuma ariko umukuru w'igihugu yari amaze kumubona aca asaba ko bamuzana aho yari yicaye.

Umupfasoni Shoshi yiganye ingene amasentare yaburagije urubanza aburana rujanye n'ugutorana atanga amategeko ahushanye n'ukuri gushika aho arungikigwa n'ubutumwa ko ashobora kwicwa.

Mu makuru yegeranijwe bivugwa ko umukenyezi Shoshi ari umupfakazi aturuka mu gihugu ca Kenya ariko yararongowe ku mutanzaniya bacumbitse mu ntara ya Tanga iri mu buraruko.

Bwana Magufuli yategetse abacamanza kwihutisha urwo rubanza. Yasavye n'uwurongoye igisata c'ubutungane kumuha inomero ya terefone yiwe kugira ngo aze arakurikirana aho bigeze.

Prezida Magufuli yahavuye ategeka igipolisi gucungera umutekano w'uwo mugore anasaba ko yohabwa umupolisi aguma amugendanira.